Home# Indundi Sports | Saido Ntibazonkiza na Fiston boba basezerewe muri Young...
Array

# Indundi Sports | Saido Ntibazonkiza na Fiston boba basezerewe muri Young Africans?

Biravurwa y’uko abakinyi b’abarundi Saido Ntibazonkiza na Fiston Abdoulrazaq boba batagiye kubandanya bakinira umugwi Young Africans.

Ayo makuru aguma aca kumbuga ngurukanabumenyi z’abantu batandukanye ariko ku rubuga rw’umugwi Young Africans ntibarashira iyo nkuru ahabona ngo bayemeze canke ngo bayihakanye .

Umukinyi wenyene twabonye Young Africans ishize kurubuga rwayo ivuga y’uko yasezereye ni uwahora ari kizigeza w’uyo mugwi Lamine Moro .

Indundi Sports ikaba igiye gutohoza amakuru y’ukuri yerekeye abo bakinyi y’uko boba bagumye muri uwo mugwi canke ko basezerewe.

Mwokwibuka y’uko Fiston Abdoulrazaq wewe yari yamaze kurangiza amasezerano yari afitaniye n’uwo mugwi mugihe Saido Ntibazonkiza wewe yari asigaranye amasezerano yo gukinira uwo mugwi ikiringo kingana n’umwaka umwe.

- Advertisment -

Must Read

Soixante millions de francs burundais accordés au Flambeau du Centre.

0
Le président de l'équipe Flambeau du centre de Gitega a accordé 60 millions de francs burundais aux joueurs et au personnel de l'équipe. La...