footballhomepageIKIRUNDI_newskirundi_Sportsprimus ligue

#indundi Sports | Sat-B agiye gukora ibitangaza mu rukino rwitiriwe Athletico New Oil Day

Hagiye kwaka umuriro mu rukino rwa kivandimwe rugiye guhuza umugwi Athletico New Oil hamwe na Rukinzo kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 01/08/2021 isaha icenda 15h 00 ku kibuga Umuco .

Urwo rukino rukaba ruzoba ari urwo kwerekana abakinyi Athletico New Oil yaguze rwitiriwe izina rya Athletico New Oil Day .

Umuririmvyi akomeye Sat-B niwe azoteramisha abakunzi b’uwo mugwi waguze ikibanza c’umugwi Athletico Academy.

Kwinjira ni amafaranga ibihumbi 2000 Fb ku mpanze z’ikibuga , hama muri VIP ni amafaranga ibihumbi 5000Fb VVIP nayo ni amafaranga ibihumbi 10,000 Fb

Bikavurwa y’uko indege ya kajugujugu ko ariyo izozana uwo muririmvyi Sat-B i Muyinga ku kibuga Umuco .

Mwomenya y’uko Athletico New Oil yaguze abakinyi bakomakomeye bavuye mu migwi ya Rukinzo , Inter Star , Kayanza United n’iyindi migwi ya hano iwacu.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 167