Ku boba bakurikirana imbuga ngurukanabumenyi z’abasanzwe bakora akazi ka Makeup, baragize imisi babona ko Olenga Ismail benshi bazi nka Olenga agize imisi atabarizwa I Bujumbura.
Mu makuru dukesha uwo musore ubwiwe nuko abarizwa I Dubai mu bikorwa vy’akazi, ariko kandi ngo n’ugutembera navyo birimwo.
Uwo musore akunzwe n’abagore n’abakobwa batari bake mu gisagara ca Bujumbura, yatubwiye ko azomara ikiringo c’indwi muri ico gisagara c’ubudandaji. Kuri uyu wa gatandatu akaba akwije imisi 6 abarizwa muri ivyo bikorwa.
Twashatse kumenya nimba hari ibindi bikoresho bishasha agiye kuzana, canke nimba ari ukurangura bisanzwe, ariko ntiyashimye kubitangira inyishu.
Muri ico kiyago cabereye ku rubuga rwa Whatsapp twanamubajije nimba hari umugambi wo kuzana ibikoresho vy’ubwiza (Makeup Product) vyiwe nkuko tugize imisi abatari bake babishiramwo amafaranga, yatubwiye ko ubushobozi butarabimukundira.
Mwomenya ko uwo musore amaze kwigisha abakobwa n’abahungu batari bake ibikorwa bijanye n’ugusiga abakobwa, uyu akaba aboneka kandi ashigikirana n’abandi batandukanye baba bashaka gutanguza ico gikorwa, n’ukuvuga abazanye amazu mashasha.