5.5 C
New York
Wednesday, October 20, 2021
HomeBurundiBerry avuga indimi zibiri kuri Collabo afitanye na Bruce Melodie

Berry avuga indimi zibiri kuri Collabo afitanye na Bruce Melodie

Hari Collabo ihari hagati ya Bruce Melodie hamwe na Berry Music naho adashaka kuvyemera, ivyo n’ivyabonetse mu kiyago yagiranye n’imwe mu mboneshakure zikorera hano iwacu. 

Muri ico kiyago, Berry ku ruhande rumwe ntiyemera ko iyi ndirimbo yoba ihari, ariko ku rundi ruhande akaba adahakana ko abariko barafasha ngo iyo ndirimbo azokorana na Bruc Melodie ikorwe ari abafana biwe.

Berry yanemanze ko afise ibikorwa azokorera mu Rwanda, naho atadomako urutoke ivyarivyo. Muri ico kiganiro nyene Berry avuga ko ikibazo cahabaye ari ikiza ca Corona Virus kizingamitse isi y’uno musi.

Ico kiganiro yagiranye na Landry Promoter, kikaba kibaye inyuma y’ico yagiranye na Isanamu Media aho yemanze ko hari Collabo zo mu karere afise, ariko kandi ko hari n’iza hano iwacu afise, ariko ko adashobora kuvuga abaribo.

Mu kwemera gukora ivyo yasabwe n’abafana biwe, Berry avuga ko imbere yuko umwaka wa 2021 uhera, azoba yashize ahabona Collabo imwe asanzwe afise ngaha iwacu.

Mwomenya ko Berry abishikirije inyuma y’indirimbo Helena aheruka gushira ahabona, avuga ko iriko yakirwa neza hirya no hino aho aba ariko araca.

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...