kirundi_SportsIKIRUNDI_news

Arakaza Mac Arthur muri Turkey

Umunyegori Arakaza Mac Arthur yamaze gushika mu gihugu ca Turkey, akaba yajanywe n’ishirahamwe Camp Profile ririmwo aba Agents batari bake bo mu bihugu vya burayi , abo ba Agents bakaba bariko batora abakinyi batandukanye muri Africa , Asie n’iburaya maze bagaca babashira hamwe kugira bakore imyimenyerezo bari hamwe mu gihugu ca Turkey.

Ku makuru twaronse ni uko muri abo bakinyi bariko bakora imyimenyerezo munyuma baca batora ababishoboye bagaca babajanwa mu bihugu bitandukanye vya burayi nka Ukraine , Italie n’ahandi .

Bikavurwa y’uko umwanya n’umwanya hari uwundi mukinyi w’inyuma akina hano iwacu nawe nyene ashobora guhamvya Arakaza Mac Arthur muri ico gihugu ca Turkey.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 16