5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
HomeBurundiDavy Carmel Ingabire yatanguye guhiganwa n’ibihangange mu gukina amareresi mu Rwanda

Davy Carmel Ingabire yatanguye guhiganwa n’ibihangange mu gukina amareresi mu Rwanda

Abatari bake mu batari inkandagirabitabo muri Kigali, Uno musi uvuze izina Ingabire Davy Carmel, ntushobora kuburamwo n’umwe akwitabira akakubwira uburyo akunda uwo murundi w’igitangaza avuga igifaransa ciza ku mboneshakure y’igihugu haba mu makuru canke mu kiganiro le Mirror amaze igihe kitari gito aremesha. 

Ubu abakunda Davy Carmel I Kigali, s’abamubona mu biganiro gusa, kuko n’abakinisha amarere nabo baramaze kumwikorako ngo ahindure izina noneho yitwe James. Iryo zina naryo rimaze kumufata nk’ikibugu ku nka, ryamubereye umugisha kuko mu misi mike amaze atanguye gukamisha iyo ngabire nshasha, yamaze kwizerwa ashirwa mu marushanwa n’ibindi bihangange mu gukina amareresi ngaho I kigali.

Mu kiganiro yagiranye na Indundi Tv, uwo mumenyeshamakuru avuga ko iyo ntambwe yo kwizerwa ari iyikomeye kuko bisigura ko ivyo akora bishimwa n’abatari bake. Yagize ati :“Iryo higanwa rirafise ico risiguye kuri jewe, kuko iyo ukora ibikorwa mu bisata vy’ubuhinga (Domaine creatif), abantu bashima ivyo wakoze nico kiba cerekana ko uriko ukora neza, biraguha intege zo gukora kurusha. Jewe vyaranshimishije cane, kuko ndi mushasha muri ico gisata c’amareresi, hari benshi cane bakina, rero kwumva ko muri benshi bakina, aba professional basanzwe bari muri ico gisata, hamwe n’abaraba ama film, bagushimye ukabona urashitse muri iryo higanwa, bakaguhitamwo muri bake, batorwamo uwakinye neza kurusha abandi, nukuri jewe n’ibintu vyanshimishije cane, vyampaye intege zo kubandanya nyene nkakora neza.”

Muri ico kiganiro, ntiyaretse kugaruka kuri kazoza kiwe muri uwo mwuga wisanze mu yindi myuga itari mike asanzwe akora, aho avuga ko atawumenya ivya kazoza, ariko ngo ari nka hamwe bishobotse, ashobora no kuzokwandika amareresi yiwe.

Davy Carmel akaba arikumwe muri uwo murwi n’abandi bagabo batari bake bakina mu mareresi akomakomeye. Mu bazwi cane ni nka Ramadhan Benimana benshi bazi nka Bamenyi mw’ireresi ryitwa Bamenya nyene, akaba na Nyene iryo reresi nyene.

Mwomenya ko mu kumutora, muca ku rubuga rwa MNI, kugira ijwi ryawe ryemerwe naho bikaba bigusaba kuriha amafaranga. Make bemera akaba ari 100 ry’amanyarwanda (350fbu), aho uba umuhaye amajwi 2 gusa. Gushika mw’ijoro ry’uyu mungu akaba yarageze ku majwi arenga gato 200. Nayo uburyo bwo kuriha, bukaba ari 3, aho ukoresha Mobile Money ya MTN Rwanda, VISA canke Mastercard hamwe n’uburyo bwa Spenn.

- Advertisment -

Must Read

Jaja ngo ashaka ko abarwayi bakire indwara zabo biciye mu kwizera

0
Amazina yahawe n'abavyeyi ni Uwimana Jeanine akaba azwi kw'izina rya Jaja Jeanine Umwuga wo wo kuririmba yawutanguye akiri muto mw'ishure ry'abana mu nyuma yaho araheza abifata...