Inkino

# Indundi Sports | Fc Barcelona iriko igerageza kuzibira Messi ntagende muri PSG

Umusatirizi wa Argentine Lionnel Messi w’imyaka 34 araza gukorererwa ipimo vyo kwa muganga kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 09 Myandagaro 2021 inyuma yo kuva mu mugwi Fc Barcelona ataco arinze gusaba ace yerekeza muri Paris Saint Germain.

Messi araza kwerekanwa icese nk’umukinyi wa Paris Saint Germain giturumbuka kucapa citwa Eiffel mu misi iri mbere.

Umugwi Fc Barcelona ukaba uriko uzibira igurwa rya Lionnel Messi kwerekeza muri Paris Saint Germain aho uwo mugwi umaze gutanga ibirego vyawo kuri FIFA mu kuvuga y’uko ubufaransa buzoba burenze amategeko mu bijanye n’ikoreshwa ry’amafaranga nimba PSG iza gusinyisha uwo mu Argentine nk’uko tubikesha ibinyamakuru vya Marca na Spanish .

Bikavurwa y’uko na Tottenham iri mu migwi yipfunza cane Lionnel Messi inyuma ya Fc Barcelona kuvuga y’uko itazogumana uwo mukinyi .

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 533