5.5 C
New York
Wednesday, October 20, 2021
HomeBurundiKavy arahumuriza ababiza ko be na Dr Claude boba batukanye mu Ndirimbo...

Kavy arahumuriza ababiza ko be na Dr Claude boba batukanye mu Ndirimbo Imbwa

Kavyinabuhiye Clementine benshi bazi nka Clementine kavy aheruka gushira ahabona akaririmbo kiwe gashasha yise “Imbwa”, iyo ndirimbo akaba yayikoranye na Dr Claude uno musi yitabazwa n’abatari bake ngo bakorane indirimbo. 

Mu kiyago na Indundi Tv, Kavy yagarutse ku butumwa buri muri iyo ndirimbo, aho yamenyesheje ko ari umusore yakunda umukobwa akanamufuhira. Muri iyo ndirimbo nyene, uwo musore ngo ntaraba ryiza abandi basore barondera uwo mukunzi wiwe kuko yanabise intozo.

Clementine yabajijwe no ku bijanye n’ubwo butumwa aho bamwe babona ko uwo muririmvyikazi yoba yakoresheje ijambo ritari ryiza mu rurimi rw’ikirundi, bica biboneka nkaho yoba yaratukanye. Uwo muririmvyikazi yavuze ko atatukanye,ahubwo abipfuza kubaza kugira basigurirwe ngo batokwitinya.

Muri ico kiyago, Clementine yanaganirijwe ku kijanye n’uburyo indirimbo iriko irirabwa, kuko mu musi umwe yarimaze kurabwa incuro zibaba 3000. We akaba avuga ko aho vyari bigeze ashima, ariko ko bidahagije, ngo yipfuza ko yoraba cane gusumba.

Clementine akaba asohoye iyo inyuma y’amezi 4 ashize ahabona ako yari yise Nirwawe yakoze wenyene. Ubu kakaba kamaze kurabwa incuro zirenga gato 10,000 ku rubuga rwiwe rwa Youtube.

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...