IKIRUNDI_news

Abantu ngo bitege Collabo ya DJ Pro na Dr Jose Chameleon

Ikiza ca Corona Virus catumye ibiteramo bitandukanye vyari vyateguwe hano iwacu bihagarara, vyahombeje benshi, barimwo na Dj Pro kuko imigambi yiwe yarafitanye na Dr Jose Chameleon yaciye ihagarara.

Mu kiganiro na Lavista, uwo muririmvyi yavuze ko hari indirimbo nshasha bafitanye na Jose Chameleon, iyo ikaba yakozwe muri uku kwezi kw’7 aho avuga ko bavuganye noneho barungikiranira amajwi kugira indirimbo ikorwe.

Iyo ndirimbo nkuko yabandanije abiyagiranye mugenzi wacu muri Katika Extra ya Buja Fm, ngo yofashwe amasanamu mu rugendo yarafise hano iwacu muri uku kwezi kw’8. Ariko naho biruko, uwo muririmvyi avuga ko hari umugambi wo kuja I Buganda kugira bakore amasanamu yayo bakiriko barigako.

Ariko hakirindiriwe ico gikorwa hamwe n’ico gicocoro mu muziki wa Afrika y’ubuseruko, Dj Pro avuga ko hari amasanamu y’indirimbo Sawa Tu azoshirwa ahabona mu ndwi imwe gusa kuko yo asanzwe ahari.

Mwomenya ko uwo muririmvyi ari mu baririmvyi bake bagihagaze kandi batanguye kera muri uno muziki hano iwacu, ariko kandi ari no mu baririmvyi atanguye haraheze igihe kitari gito gukoresha imbuga ngurukanabumenyi mu gihe abandi basa n’abatarazihurumbira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 810