5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
HomeBurundiBig Fizzo abona ko abasaba gukorana indirimbo n’abandi, ngo bogenza gake

Big Fizzo abona ko abasaba gukorana indirimbo n’abandi, ngo bogenza gake

 Indirimbo Dear yaririndiranywe igishika cinshi n’abafana ba Big Fizzo, n’indirimbo yashigikiwe cane no ku ruhande rwa Tanzania, kuko yaba Jux canke imboneshakure zo muri Tanzania harabonetse ukuyiherekeza kuva isohoka. 

Kubwa Big Fizzo rero ngo abaririmyi ba hano iwacu bari bakwiye kugenza make mu gusaba ko abantu bakorana ibikorwa. Ivyo akaba aheruka kubishikiriza mu kiganiro yagiranye na Lavista.

Muri ico iKiganiro, Big Fizzo yavuze ko igituma mugenziwe Jux wo muri Tanzania yashigikiye ico gikorwa, nuko bari incuti, Gutyo ngo incuti yawe ntiyokwemera ko ibintu bipfa kandi abibona.

Muri ico kiganiro nyene, Big fizzo avuga ko ukoranye n’umuntu atakwiyumvamwo nkuko bihora biboneka, ngo ntibiheza ngo bigende neza, kuko we aba ariko akora ibitamuvuye ku mutima.

Big Fizzo ivyo akaba abishikirije mu gihe harindiriwe Collabo ya Lolilo na ALikiba, aho iyo ndirimbo imaze kuvugwa na Lolilo gusa, ariko ku mbuga ngurukanabumenyi za Alikiba ataho iraboneka.

- Advertisment -

Must Read

Jaja ngo ashaka ko abarwayi bakire indwara zabo biciye mu kwizera

0
Amazina yahawe n'abavyeyi ni Uwimana Jeanine akaba azwi kw'izina rya Jaja Jeanine Umwuga wo wo kuririmba yawutanguye akiri muto mw'ishure ry'abana mu nyuma yaho araheza abifata...