Niyomwungere Désiré avuka mu Ntara ya Makamba, kuva 2016 niho yatanguye gufata umuziki nk’akazi,
ubwiwe ariyemera ko umuziki wamutumye yunguka umuryango munini aranashima ku vyerekeye uburyo ko atabura ay’ubufu.
Umwaka wari urumanye ata ndirimbo nshasha afise impamvu yasiguriye Indundi Magazine akaba yagize ati: ”Kumara umwaka ntasohoye indirimbo si ukuvuga ko nari nicaye nariko ndakora nitonze ngerageza kwiyumvira ivyiyumviro vy’indirimbo vyiza ku buryo. Mfise indirimbo zirenga 20 nanditse n’izindi nashoboye kuririmba ntarashira ahabona.”
Nayo ivyo yijeje abari bamunyotewe akavuga ko aje muyindi shusho, agiye kurekura indirimbo izozanana n’amasanamu yayo izokorwa, n’abahinyanyuzi babiri umwe wo mu Burundi uwundi wo muri Canada, ariko akaba atashimye kugaragaza amazina yabo ngo biracari ibanga.