HomeMkombozi  yavuze kw’itahuka ry’umugwi Lion Story
Array

Mkombozi  yavuze kw’itahuka ry’umugwi Lion Story

Icizere ni cose kuri Mkombozi ko uko biri kwose, umusi uri izina ngo n’abagize umugwi Lion Story nabo bazotahuka, kuko buri murundi wese yama yipfuza gutaha iwabo. Iyo niyo nyishu Mkombozi aheruka guha bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru Iwacu mu kiganiro bagiranye.

Muri ico kiganiro nyene, uwo muririmvyi yavuze ko mu buhungiro iyo yaramaze imyaka 6 ngo yahigiye vyinshi, vyatumye aguma ari wawundi nyene mu kwandika, ariko umuririmvyi yitwa Mkombozi yahindutse kuko yagize ubunararibonye(Experience) bukomeye cane.

Mkombozi muri ico kiganiro yasubiyemwo ivyo yavuze acururuka indege, ko hari indirimbo ziri inyuma zamaze gukorwa. Mkombozi avuga ko ariko yiruka mu bijanye n’ugukora amasanamu y’izo ndirimbo,naho atarashikiriza igitigiri.

Mukibuka ko Mkombozi muri iyo myaka yose yamaze mu buhungiro, yabaye mu bihugu bitari bike birimwo Urwanda, Uganda, na Tanzania, aho yanakoreye umuziki ariko kandi akanahakorera ibiteramo bitari bike. Mkombozi kandi iyo myaka 6 ikaba wari umuce wa kabiri w’ubuhungiro bwiwe kuko mu mwaka w’1993 yahunganye na nyina bagahungira muri Tanzania, akaza gutahuka muri 2009.

- Advertisment -

Must Read

L’autorisation spéciale accordée aux musulmans est soumise aux conditions sévères contre...

0
Dans une conférence de presse animée par le Directeur Général de l’elevage, ce mercredi 6 juillet 2022 à Bujumbura, la question de la dérogation...