HomeIKIRUNDI_newsDouble J ngo iyo bateba gato, hari kugwa ibara muri Bantu Bwoy

Double J ngo iyo bateba gato, hari kugwa ibara muri Bantu Bwoy

Double J ararisubiyemwo ko ata cera ngo de, ariko ngo uno musi aho bageze na mugenziwe Kirikou Akili, nta kibi biteze kuvuga kuri Big Fizzo n’umuryango wose wa Bantu Bwoy kuko baraba ivyiza bakorewe gusa, ariko ngo kugira bahave nuko hariho imbarutso.

“Kugira tuve harya harabaye ikintu catumye tuva harya, harabayeho kuvugana, turabona tuti ubu aho bigeze reka umwe wese afate inzira yiwe mu mahoro n’umutekano. Rero uko ndabibona nawe urabizi ibibi n’ivyiza, igifise agaciro n’ikihe? [iciza] Nkuko ubivuze rero twe turaba ivyiza, kuko ibibi nta gaciro bifise. Sinoza ngaho ngo ntangure kuvuga ngo oooh, uku nuku nuku ngo vyegenze uku n’uku gusa igihari, twibuke ivyiza vyahabaye, twibuke ibikorwa vyiza twakoze harya, twibuke ivyo twafasanije, kandi twibuke ko twese twateye intambwe, ndibaza nta muntu arasubira inyuma. N’ukubishima. ”

Muri ico kiganiro, yasubiyemwo ko hari ibirarane bagifitiwe n’abo bahora bakora, arico gituma urukurukuru rw’uko yoba yarashize muri Blacklist Manager wiwe Stein, ngo sivyo namba na gato.

Mwomenya ko uwo muririmvyi na mugenziwe Kirikou bakinjuye muri Bantu Bwoy none baca bashima gushing Billiman Boy aho bavuga ko muri kazoza bipfuza ko iba ikintu gikomeye nka Label, Studio ihinyanyura umuziki n’ibindi.

- Advertisment -

Must Read

Hujali, Godas’s new song will be out soon

0
Hujali is a new song of the singer Godas Muhoza. We recently informed you of its probable date of publication, but the real date...