IKIRUNDI_news

Habuze gato, Nziza Desire yagira ahamvye umutambukanyi wiwe   

Umuhisi Nziza Bijoux, ngo uno mwaka ntiwoheze atarasanga Nziza muri Amerika. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Nziza ubwiwe n’akababaro kenshi mu kiganiro yagiranye n’ikinyamakuru co mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yavuze uburyo yahatswe kwiyahura mw’ijoro ry’umusi umukunzi wiwe yitaba Imana. Nziza yavuze ko ari imana yakinze ukuboko gusa, nayahandi ivyankenerwa ngo yiyahure vyari yamaze kuboneka.

“ Ndibuka amaze kwitaba Imana, tumaze kumutwara mu rugo kuko twamushinguye bukeye bwaho, [ivyerekene imico y’ama Islam],… Ndibuka iryo joro ko nari nateguye kwiyahura. Numva yuko nanje mu gitondo abantu bavyutse, baje ngo tumusengere tuje kumushingura, nashaka nanje tugire icarimwe, bavyuke basanga nanje nagiye.”

Muri ico kiganiro nyene, uwo muririmvyi yavuze ko ivy’ubugwara bw’uwahoze ari umutambukanyi wiwe atavyo bamenye hakiri kare, kuko bageze kubimenya ingwara ya Cancer yamutwaye yamaze kugwirirana mu mubiri.

Mwomenya ko uwo muririmvyi yari yateguye gushira ahabona indirimbo Mwiza yari yakoreye umuhisi igenekerezo yitabiyeko umuremyi. Ico gihe ngo indirimbo yategerezwa gusohoka isaha indwi z’umuhingamo, nawe atahuka hasigaye isa imwe gusa ngo isohoke.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 810