Inkino

# Indundi Sports | Umunyegori wa Aigle Noir Eric Johola yaguzwe na yang Africans

 

Iryavuzwe riratashe Eric Johola yasamira umugwi Aiglr Noir mw’ihiganwa rya Primus League ry’umwaka wa 2020-2021 yaguzwe n’umugwi Yang Africans wo mu gihugu ca Tanzania.

Johola mw’ihiganwa ry’umwaka
uheze yasamiye umugwi Aigle Noir The fighters inkino zitarinke mbere aranawufasha kurangiza ihiganwa rya Primus league uri mu kibanza ca 4.

Uwo munyegori akaba yazanywe n’uwigeze kuba umumenyereza w’umugwi Aigle Noir mu ntango z’ihiganwa ry’umwaka uheze Niyonkuru Gustave igihe yari yarungitswe i Kigoma n’uburongozi bw’umugwi Aigle Noir kuronderayo abakinyi.

Bikavurwa y’uko uwo munyegori yoba agiye gukinira uwo mugwi Yang Africans mu kiringo c’imyaka 2.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 818