East Africa NewshomepageIKIRUNDI_newsUncategorized

Mama Samia Suluhu Hassan yanse kugira ico avuze ku kwitoza kwiwe muri 2025

Umwanya wo kuruhuka kuri Mama Samia Suluhu Hassan kuva ashirwa ku mwanya w’umukuru w’igihugu ca Tanzania ngo ntagira na fye, kuko nubwo aba avuze ko agira aje kuruhuka, iyo aba agiye n’ubundi ategerezwa kugira ico akoze.

Mu kiganiro na Salim Kikeke umumenyeshamakuru w’umu Tanzania akorera ikinyamakuru BBC, Uwo mukuru w’igihugu avuga ko 25% vy’umwanya arivyo vyiwe, ariko ibindi ari ivy’igihugu muri rusangi bivanye n’amabanga yashinzwe.

Muri ico kiganiro nyene, Mama Samia yavuze ko uko umuntu abandanya akomera mu bijanye n’amabanga azezwa n’igihugu, ariho n’umwanya wiwe bwite ubandanya ubura, aho akaba yatanze akarorero ko nkubu atakironka umwanya wo kuja mu manza, atakija kuraba incuti kubera akazi.

Muri ico kiganiro nyene, Mama Samia akaba yanamenyesheje kandi ko atabura umwanya wo gukora bimwe bimwe muvyo yahora akora, aho akavuga nko gusomera ibitabo abana biwe, aho avuga ariko ko uno musi inkuru abasomera akenshi ari iz’ivya Politique.

Mwomenya ko uwo muvyeyi yanse kugira ico asubiza ku kijanye n’ukwitoza kwiwe mu matora y’umukuru w’igihugu azoba mu mwaka wa 2025 muri ico gihugu ca Tanzania, aho avuga ko hataragera ko agira ico abishikirije, kuko uwu ari umwanya w’ugukora, noneho ivyo muri 2025 bakazobibaza ico gihe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 312