Ép igizwe n’indirimbo 6 niyo yatwemereye ko igiye guhabwa abantu nk’uko nyene yitwa Ibintu Ep.
Mu majambo yiwe yama akoresha agira ati «Imana yampaye ubuntu, ibuntu bumpa abantu, abantu bampa ibintu », niyo mpamvu yatumye atora izina rya Ep yiwe ko yokwitwa Ibintu.
Igenekerezo rya 13 Mukakaro2021 niryo sango yari yatanze uwo muririmvyikazi womuri empire avenue akaba atigeze arenza isango.
Biboneka neza ko Ep yiwe yari irindiranywe igishika nk’uko biboneka ku rubuga ngurukana bumenyi yiwe ya Facebook benshi babandanya bamukeza.
Tubibutse ko abaye mu baririmvyi bake mu Burundi bitanga ngo bagaragaze urukurikirane rw’indirimbo zabo ngo zije ahabona.
Abicishije muri imwe mu nsamirizi isamiranira ngaha mu gihugu, yavuze ko ashimye ukungene abantu bayakiriye kandi imwe mu ndirimbo yaririmbanye na Sat -B asanzwe ari umukunzi wiwe indirimbo yitwa (Cheatinga) ngo yashatse cane cane guhanura abagore bubatse ko bomenya gucunga ingo zabo batojana nyabahururu n’amajambo y’abantu ngo umugabo arakuvanga.
Abandanya amenyekanisha Ep yiwe, ico asaba ni ukumushigikira.