5.5 C
New York
Wednesday, October 20, 2021
HomeBurundiIndimi zibiri hagati ya Double Jay na Americain ku bijanye n’agahembo boba...

Indimi zibiri hagati ya Double Jay na Americain ku bijanye n’agahembo boba barahanye

Umuririmvyi w’inararibonye benshi bazi nka  Americain aridogera cane umuririmvyi mugenziwe Double Jay kuba ngo yaramuteye akagera, kandi yaraterereye agacumu k’ubumwe kugira indirimbo Nopfa ya Double Jay itere imbere cane gusumba.

Ivyo iyo nararibonye abishikirije mu gihe Double nawe yaheruka gushikiriza ko ata bucuti bari bafitanye, ngo n’uguhamagara ntavyari Bihari hagati yabo, yaba imbere canke inyuma y’ugukorana mu masanamu y’indirimbo.

Naho Double Avuga uko, uwo mu Rasta we avuga ko ata mahera ashaka, ariko ngo ico yipfuza nuko uwo muririmvyi acaruka amuha iteka kuko ngo ari mu batumye iyo ndirimbo ikundwa cane, ariko kandi ngo ikanaronswa ikibanza ca 1 mw’ihiganwa rya Isanganiro Awards risanzwe ritunganywa n’insamirizi Isanganiro.

Uwo mu rasta wa kera avuga koi co we yipfuza, ngo Double ntaco afise kandi n’amahera ntayo kuko ariacarondera nawe.

Double nawe mu kiganiro yagiranye na Juste nyene yavuze ko uwo mutama bamuhemvye nkuko bari bumvikanye, ariko kandi ngo si nawe banavuganye.

Mwomenya ko ukwo guhembwa, uwo mutama nawe abihakana cane aho avuga ko yafashije, aho avuga ko uwovuga ko yahembwe azoba ariko avuga ibinyoma.

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...