Inkino

# Indundi Sports | Fiston Abdoulrazaq yoba agira yerekeza muri Rayon Sports?

 

Inyuma yo kurangiza amasezerano n’umugwi Yang Africans wo mu gihugu ca Tanzania, Fiston Abdoulrazaq ashobora kwerekeza mu gihugu c’Urwanda mu mugwi Rayon Sports, bikavurwa y’uko uwo mukinyi w’umusatirizi w’intamba mu rugamba Fiston abdoulrazaq amaze gutangura ibiganiro n’abarongozi b’umugwi Rayon Sports umwanya n’umwanya ashobora kwerekeza mu gihugu c’Urwanda .

N’aho biri uko, nta kintu nakimwe kiremeza y’uko uwo mukinyi ashobora kwerekeza muri Rayon Sports haba ku barongozi ba Rayon Sports canke kuri Fiston Abdoulrazaq.

Fiston Abdoulrazaq akaba yarigeze kuja mu mugwi Rayon Sports akorayo imyimenyerezo ariko ntiyigeze ayikinira.

Mwomenya y’uko Fiston Abdoulrazaq aramutse agurwa na Rayon Sports azoba ahasanze umumenyereza w’umurundi Massudi Juma.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 62