IKIRUNDI_news

B Face yashimiye Mkombozi ku ciza yamukoreye akiri kw’ishure

Abarundi barayamaze ngo ukora iciza ukagisanga imbere, kandi ngo hibagira uwagikoze ntihibagira uwagikoze, B Face ngo ntiyigeze yibagira iciza yakorewe na Mkombozi.
Uwo muririmvyi abicishije mu kiganiro kuri Siren Vibe yashimiye Mkombozi ku ciza yigeze kumukorera, ariko Mkombozi ataracibuka imbere yuko akimwibutsa nkuko Mkombozi yavyivugiye.
Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi wa Ararenze, yavuze ko Mkombozi yigeze kumurihira amafaranga y’ishure yayabuze. B Face yagize ati “ N’umugenzi wanje kuva dutangura umuziki, hama je ndi umunyeshure muri Secondaire, narigeze kubura amahera y’ishure arayandihira. Ndabimushimire imbere ya Camera.”
Darlene yariko aremesha ikiganiro afatanije na Hosy irakoze, yabajije Mkombozi nimba yoba yarakivyibuka, uwo mwanditsi wa Zawadi ya Mwaka, amenyesha ko yavyibukijwe bahuriye I Kigali. Ariko kubwiwe ngo ntiyibuka ico yakoze, ariko yibuka uwo babanye neza.
“Iconzi kenshi sinkunda kwibuka ngo umuntu namukoreye iki, ariko nkunda kwibuka ko twari turi neza. Kandi ineza yose n’imbuto, bisigura uteye urukundo, muri ico gihe ruzana ivyamwa vy’ineza. Umuntu wese mba nzi ko ubwa nyuma twavuganye neza, nuko mba nzi ko hari urukundo rwari ruhari. Muri ico gihe urukundo sindaru Limita, hari igihe mba nzi, ntiyigeze anyoterwa mfise amazi, peu être narayamuhaye, sinshobora kwibuka ngo namuhaye amazi kangahe. Yarabimbwiye nanje birampimbara, twari I Kigali.”
Darlene nawe yaciye ashingira intahe B Face ko ari mubatirengangiza abandi, kuko yaramuhembuye rimwe inzara igira imukuraho.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 810