Inkino

Ndizeye Seif na Ngabirano Théodore bashobora guhagarikwa gukina mu kiringo c’imyaka 3

Ndizeye Seif batazira Thomson hamwe na Ngabirano Théodore batazira Théo bashobora guhanwa bivanye n’uko baciye kubiri nivyo bari bumvikanye n’uwusanzwe abahagarikiye ( Agent ) Arakaza Hassani .

Abo bakinyi bagiye gushira umukono kumasezerano yo gukinira umugwi Athletico New oil batabanje kubwira uwo asanzwe abahagarikiye ibikorwa vyabo .

Hassani Arakaza akavuga y’uko agiye kwitura igisata kijejwe amategeko mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB kugira abo bakinyi bahagarikwe .

Hari haciye amezi abiri abo bakinyi bemereye indundi Sports y’uko bagiye kurangiza ico kibazo bafitaniye n’uwusanzwe abahagarikiye ariko gushika n’ubu nta nakimwe kiravamwo.

Mwomenya y’uko Ndizeye Seif na Ngabirano Théodore bari bafitaniye amasezerano y’imyaka 5 na Hassan Arakaza.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 519