5.5 C
New York
Wednesday, October 20, 2021
HomefootballMessi agiye gufasha Jordan kuduza ubutunzi bwiwe

Messi agiye gufasha Jordan kuduza ubutunzi bwiwe

Igurwa rya Lionel Messi ntiryateye umunezero abafana b’uwo murwi na Kigali gusa, ariko ngo uwo munezero waranashikiriye abanyamerika barimwo Michael Jordan amaze guhomba amafaranga atari make kubera ikiza ca Covid 19 catumye ibikorwa bitari bike bihagarara.

Uwo munezero wa Michael Jordan aheruka guhomba ayanga n’500,000,000 € (1,650,000,000,000 fbu), nkuko biheruka gushikirizwa n’ikinyamakuru Forbes, ukaba ukomoka kuko imipira y’uwo mugwi igiye kugurwa ku bwinshi, na cane cane urwa Lionel Messi, ubona ko yanatanguye kubura kubera ubwinshi bw’abayirondera cane.

Kuva mu mwaka wa 1989, uwo mugwi wa PSG ukaba usanzwe wambikwa na Nike, Michael Jordan afisemwo umutahe utari muto. Uwo mutahe nyene ukaba umuha uburenganzira bw’ 5% yinjira iyo hagurishijwe umupira umwe muri uwo mugwi wa PSG.

Ikinyamakuru Marca candikirwa I Madrid muri espagne kikaba giheruka gushikiriza ko kuva uwo mukinyi ahonyoza ikirenge I Paris, ngo PSG yinjije amafaranga 120,000,000€ akomotse kw’igurishwa ry’iyo mipira. Uwo mugabo aba ngo yarahejeje kwinjiza 6,000,000€.

Uno mwaka wa mbere hakaba hitezwe imipira irenga 2,500,000 izogurishwa, ubona ko ariyo yahora idandazwa n’umugwi yahoramwo (Barcelona) buri mwaka.

Mwomenya ko uwo mukinyi yahawe amasezerano y’imyaka 2 n’uwo mugwi ufise uno musi abasatirizi bakomeye muri Champion the League.

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...