IKIRUNDI_news

Hamenyekanye intandaro y’icerwa rya Africa Nova muri Burundi Bwacu Festival

Abarundi baramaze ngo igiti ntikigukora mu jisho 2, kiba gishaka kurimena. Abategura isabukuru Burundi bwiza Festival ivyababaye ngo ntibizosubira. 

Ibiheruka gushikira abateguye isabukuru Burundi Bwacu Festival, ngo vyabaye icirwa gikomeye, kuko bipfuza kutazosubira gukora ikosa nkiryo mu mwaka uza. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Eloge Iranzigama asanzwe ariwe yateguye iryo sabukuru.

Muvyamushikiye harimwo iteba ry’umuririmvyi Antoine Marie  rugerinyange benshi bazi nka Africa Nova. Iryo cerwa ryatumye benshi bicuza impamvu barishe amafaranga y’umurengera ku giteramo  yategerezwa kubonekamwo.

Naho Africa Nova yacerewe, ngo ntivyamuvuyeko, kuko nkuko Eloge yabishikirije ngo intandaro ya vyose n’icerwa ry’inyishu ku bipimo vya ca Kiza COVID-19 vya Africa Nova, aho indege yategerezwa kumuzana yaciye imusiga.

Iryo kosa Eloge avuga ko atazopfa asubiriye kurikora. Mu mwaka uza mu yindi edition y’iryo sabukuru ngo umuririmvyi azoba ari buririmbe azoshika hakiri kare cane kugira birinde amakosa nkayo.

Mwomenya ko muri ivyo biteramo harimwo igiteramo bariha amafaranga 1,000,000 fbu, ariko ico giteramo ngo nticari kigenewe bose, kuko hari abo cari kigenewe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 533