IKIRUNDI_news

Mkombozi agiye gusubira kandi kwikora mu gahogo  

Ico Mkombozi yemeye ngo kigiye kuja ahabona, ivyo nivyo yashikirije ku rubuga rwiwe rwa Instagram, aho yamenyesheje ko hari ibintu bishasha bigeye kuboneka mu misi ya Vuba.

Mu biganiro uwo muririmvyi agize imisi akora n’ibinyamakuru bitandukanye, haguma hagaruka ijambo rijanye n’indirimbo nshasha, aho aguma amenyesha ko zihari ariko harindiriwe ko haboneka amasanamu y’izo ndirimbo.

Akoresheje urwo rubuga rwa Instagram, mu gice ca Story uwo muririmvyi yasangije abamukurikirana ishusho ryiwe, aho aboneka ari kwifarasi. Amajambo yaherekeje iryo shusho n’amajambo aho yabanditse ko Video iri mu nzira.

Ntiyabashije gushikiriza izina ry’iyo ndirimbo, canke nimba izoba iri muri za nkurikirane yamenya ko azoshira ahabona, Mbere n’umusi nyezina w’ishirwa ahabona ry’iyo ndirimbo ntiyabashije kubishikiriza.

Mwomenya ko iyo ndirimbo izoba ije ikurikira iyimaze ukwezi kurenga isohorewe amasanamu, iyo nayo akaba yayise “Uyu Mwaka”.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 340