Umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba w’abakinyi basanzwe bakina hano iwacu ugiye gukina urukino rwa kivandimwe ruzoyihuza n’umugwi nserukira gihugu wa Algerie w’abakinyi bakina iwabo.
Ayo makuru akaba yemezwa na Manager w’intamba mu rugamba Mutima Constantin amaze imisi ari hano mu gihigu inyuma ya Cecafa Challenhe Cup -23.
Urwo rukino rwari rutegekanijwe kuba igenekerezo rya 25 Myandagaro 2021, rwungurujwe imisi 3 ni ukuvuga rushobora kuba igenekerezo rya 28 Myandagarao 2021.
Mutima akavuga y’uko hashobora kwongeramwo abandi bakinyi bakina hanze y’igihugu nka Ulimwengu Jules , Bon Fils Caleb hamwe na Moussa Omar, bikavurwa y’uko abo bakinyi bashobora gutangura imyimenyerezo ku musi wa gatanu igenekerezo rya 20 Myandagaro 2021.