IKIRUNDI_news

Happy Famba agiye kuva gushira hasi ivya Management, asubire mu muziki

Happy ngo igihe kirageze aho asubira mu bikorwa vyiwe, ubu Management ya The Fighter Production agiye kuyishikiriza abandi bayikurikirana.

Uwo muririmvyi yamenye atavuga rumwe n’abandi ku kijanye n’uguca ifaranga mu muziki, avuga ko hari abantu bariko baravugana ngo bikunde abashe kubashikiriza abaririmvyi biwe kugira babandanye baakurikirane.

Muribo, uwo muririmvyi akaba na Manager w’abaririmvyi batari bake avuga ko harimwo abazoba bajejwe imbuga ngurukanabumenyi, uwuzoba ajejwe gukurikirana ivy’ubutunzi, guherekeza abaririmvyi iyo bafashe ingendo hamwe n’abandi batari bake.

Famba yavugiye kuri micro za Buja Fm mu kiganiro katika Extra ca Lavista ko hari abo yamaze kubona ariko ko bakiriko baravugana, anaraba ko bohagarara neza mu gikorwa azoba abahaye. Ivyo akaba abivuga kuko uwo muririmvyi avuga ko uwinjiye muri Label ya The Fighter Production aba agiye ku rundi rwego.

Famba akaba agiye gushira hasi ivya Management kugira noneho ngo asubire mu muziki, kuko hari imyitegura yamaze kurangira ijanye n’ibikorwa vyiwe vy’umuziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 518