5.5 C
New York
Wednesday, October 20, 2021
HomeBurundiKuberiki imipira ya Billiman Boy iboneka muri Oscar Fashion gusa

Kuberiki imipira ya Billiman Boy iboneka muri Oscar Fashion gusa

Mu biganiro Double Jay agize igihe atanga mu binyamakuru bitandukanye, agize imisi ashikiriza ko imipira ya Billiman Boy uwuyishaka ashobora kuyironka aciye muri Oscar Fashion, ikibanza camye ari muhira kuri Kirikou eka no kuri Double jay, nkuko bivugwa na Oscar ubwiwe.

Iboneka ry’uwo mugabo akunzwe kuvugwa cane n’abaririmvyi  batari bake, mu rudandazwa rw’iyo mipira rwavuzweko n’abatari bake, aho bamwe babona ko uwo mugabo yoba afise uruhara mw’ikinjura ry’abo baririmvyi uko ari 2 muri bantu Bwoy.

Mu kiganiro na Juste Gael cabonetse ku rubuga rwa Youtube rw’Umukubito, bagarutse ku mpamvu yatumye aba ari wenyene agurisha izo mpuzu zatanguye kumenyekanishwa n’abatari bake.

Oscar yavuze ko yamye ashigikira abaririmvyi batandukanye, bigeze kuri Kirikou bica vyunyuka kuko we ari n’umwana wiwe, ngo siwe yobura gushigikirwa na Oscar fashion.

Yagize ati : “Ntiwirengagize ko Kirikou ari umwana wanje, ntiwirengagize ko kirikou na Double jay ukubaho kwabo mu vy’umuziki kugeza kuri iyi saha, ni bamwe mu bantu tuba twegeranye. Kuberiki ntobaha iyi Support, nimba abo noyibaha, kuberiki bobo nibo badakwiye kuyironka iwanje? ”

Mwomenya ko imbere yuko Bantu Bwoy yugurura inzu igurisha ibintu vyabo, Bantu Bwoy Store, impuzu za Bantu Bwoy ngo zatanguye kudandarizwa muri Oscar Fashion abiherewe uruhusha na benevyo.

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...