Mu baririmvyikazi 3 bari mw’ihiganwa rya Primustar, harimwo Bernice the Bell azwi cane mu bijanye n’ugukoresha ibikoresho kama vy’umuziki, nk’umuduri. Uwo muririmvyi amaze guserukira Uburundi mu mahiganwa atandukanye akatari gake, avuga azokora ibishobora ngo atahukanye za Miliyoni ziri ku meza.
Uwo muririmvyikazi mu kiyago na Landry yavuze ko abo barikumwe mw’ihiganwa rya Primustar ngo nta numwe amutera ubwoba kuko bari mu runganywe rumwe, ariko kandi ngo nuko badasanzwe bakora umudiho umwe.
Yagize ati :“Nta numwe antera ubwoba, kuko ntidukora imidiho imwe, kandi twese n’urunganywe rumwe, bontera ubwoba gute? Vyose ni sawa, gusa urakora ivyo ushoboye hanyuma ukarindira abatanga amanota, n’abafana ico ivuga.”
Muri ico kiyago na Landry, dukesha ino nkuru uwo muririmvyikazi yavuze ko ukumutora ku numero 6 bamuhaye ari ugutora umuziki w’umwimerere uvugira abarundi n’abanyafrika muri rusangi.
Mwomenya ko Bernice the Bell ari wenyene muri iryo higanwa asanzwe avuza umuziki wibandanya cane ku midiho bakunze kwita Traditionel.