5.5 C
New York
Wednesday, October 20, 2021
HomeBurundiMasterland kumutora muri Primustar n’ugutora iterambere ry’umuziki

Masterland kumutora muri Primustar n’ugutora iterambere ry’umuziki

Ugutora masterland mw’ihiganwa Primustar  ngo n’ugutora iterambere ry’umuziki, kuko ayo mafaranga yiwe ntazoyarya wenyene, ahubwo azoyashira mu migambi basanzwe bafise muri Master Muzik yo gutera imbere abaririmvyi baba abamaze kumenyekana n’abataramenyekana.

Mu kiyago yagiranye na Landry Promoter, uwo muririmvyi yagize ati : “Untoye ntabwo uba utoye jewe gusa, ntabwo nigungirako, ni ku nyungu zanje, ni ku nyungu z’abandi baririmba, haba abariko barakora n’abandi mutarabona, nibaza ko iterambere ryanje nama nipfuza ko ryungukira benshi.”

Uwo muririmvyi asanzwe afise inzu y’ubuhinyanyuzi imaze kuramura abatari bake, barimwo n’abo barikumwe muri iryo higanwa rifashwe mu mugongo n’ikinyobwa PRIMUS, noneho bagatsindira amafaranga angana n’15,000,000fbu, akaba avuga ko ari nka hamwe atsinzwe, ngo azoshira aho intahe ishize ngo ntazokora nk’ivyo bamukoreye aho aheruka gutwara agashimwe.

Muri iryo higanwa rya Primustar, hakaba hariko hahiganwa abaririmvyi 10, barimwo abagabo 7 n’abagore 3, aribo Masterland, B Face, Double Jay, Olegue, Andy Mwag, Berry Music,  Drama T,  Esther Nish, Mona Walda, Bernice the Bell.

Mwomenya ko gutora uwo muririmvyi wandika mu kibanza wandikamwo ubutumwa (Message canke SMS) igiharuro 10, ukarungika ku numero 190, ukoresheje imihora ya Lumitel na Econet.

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...