5.5 C
New York
Wednesday, October 20, 2021
HomeBurundi“Nanje Ndaririmba” nayo ije kurondera izo ngabire zitaramenyekana hano iwacu

“Nanje Ndaririmba” nayo ije kurondera izo ngabire zitaramenyekana hano iwacu

Mugani ati aha turiko turondera uwuzonsubirira kuko kanatsinda ngo amashurwe aruma akabisa ayandi. Uko niko Mugani yavuze ihiganwa “Nanje Ndaririmba” rizohuza abaririmvyi batandukanye.

Iryo higanwa rikaba ryugururiwe bose ariko bari hagati y’imyaka 16 na 35 y’amavuko. Abo nyene bategerezwa kuba ari abarundi, canke abanyamahanga bafise uburenganzira bwo kuba mu Burundi. Ivyo ngo ntibikwiye kuko utegerezwa kandi kuba ata nzu igushigikira (Label), muri make bakeneye uwo wese afise ingabire ariko yabuze uwumushigikira.

Iryo higanwa rikaba ririko ritegurwa na “Isanamu Media”, ikinyamakuru gishasha hano iwacu, gikorera cane mu bisata c’abanyabuhinga n’ubumenyi. Ico kinyamakuru kikaba kitaramara umwaka kuko catanguye gukora mu mwaka wa 2020, mu kwezi kwa 12.

Mu baziyandikisha bose, ngo hazotorwamwo 20 gusa. Abo bakaba aribo bazoca baja mu gice ca 2 gishira ica nyuma, noneho hakurwemwo 10, ario bazoca baja mu gice ca nyuma c’iryo higanwa. Abo 10 bose bazohabwa ubushimwe, ariko 3 ba mbere nibo ubushimwe bwabo bwamenyekanye.

Uwa gatatu n’uwa 2 azokorerwa indirimbo 1, none bahabwe n’utubahasha tw’amafaranga 1,200,000 fbu ku wa 2 hamwe n’ibihumbi 800,000fbu ku wa 3.

Uwa mbere nkuko vyashikirijwe n’uwuteguye akaba anarongoye uwo mugambi muri Isanamu Media, yavuze ko uwo azohabwa agashimwe k’2,000,000 fbu , akorerwe indirimbo 5, n’amasanamu y’indirimbo 3 mu kiringo c’umwaka wose.

Aba bazohiganwa muri “Nanje Ndaririmba” bazoririmba indirimbo izarizo zose, ariko guhera ku gice ca 2 (½  final) gushika mu gice ca nyuma c’iryo higanwa, bazohabwa Beat bazoririmbirako,  kandi bategerezwa kuzoririmba indirimbo nshasha zitararirimbwa.

Akandi kabirya kazobamwo nuko ngo abazoshika mu gice  ca Nyuma c’iryo higanwa, bazohabwa ivyigwa kugira ibikorwa bazojana muri ico gice ca nyuma ntibizobe bisa nabi.

Iryo higanwa ntirije gusubirira Primusic nayo yahora irondera abaririmvyi bafise ingabire ariko zitaramenyekana, ahubwo baje nabo gushigikira izindi ngabire zitabashije kuronka  amahigwe yo gutahukana ubwo bushimwe muri iryo higanwa nkuko Mugani Desire ari mu bazotanga amanota muri iryo higanwa abishikiriza.

Ukwiyandikisha muri iryo higanwa bikaba vyaramaze gutangura, bikazohera igenekerezo rya 22/8, noneho hace hatangura  amahiganwa nyezina, azonacishwa ku mbuga ngurukanabumenyi zitandukanye basanzwe bakoresha nka Isanamu Media.

Mwomenya ko abazohiganwa haba mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, co kimwe no ku gice ca nyuma c’iryo higanwa bazohabwa indwi 2 zo kwitegurira igice gikurikira.

 

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...