HomeBurundiAbarundi bari bafatiwe mu Rwanda bashikirijwe Uburundi

Abarundi bari bafatiwe mu Rwanda bashikirijwe Uburundi

Kuri uno wa gatanu igenekerezo rya 20 Muandagaro 2021, niho abarundi babiri bari bafatiwe mu gihugu c’Urwanda bashikirizwa inzego z’umutekano mu Burundi ku rubibe Ruhwa mu ntara ya Cibitoke.

Abo nabo ni : Gahimbare Jux w’imyaka 26 na Rivuzimana Gérard w’imyaka 32, bafatanywe amafaranga arenga ibihumbi 4 vy’amadorar, imiriyoni 8 z’amarundi; ibihumbi 205 vy’amanyarwanda hamwe n’ibihumbi 500 vy’amakongomani.

Ugushikiriza abo bantu, bikaba vyabaye bishigikiwe, ku ruhande rw’Uburundi, na Komiseri Mukuru w’igisata c’inyamiramabi, CP Bertin GAHUNGU.

- Advertisment -

Must Read

Hujali, Godas’s new song will be out soon

0
Hujali is a new song of the singer Godas Muhoza. We recently informed you of its probable date of publication, but the real date...