Ni umurwi ndangaKaranga ugizwe n’abato n’abakuze bava mu mihingo yose yaba mu gisagara ca Bujumbura no mu gihugu hagati.
Imvyino bavyina ni akanyarusizi,umuyebe,umutsibo……. eka ni nyinshi usivye ko n’indirimbo ziba arizo biyandikiye.
Album 3 z’imvyino zitagira amasanamu barazishize kumugaragaro, banasohora album imwe ifise amasanamu.
Igenekerezo Rya 22 Myandagaro 2021 kuri Mutima Bar barahamagarira abakunda akaranga bose bazoze birabire urukurikirane rwabo rugira kabiri rw’indirimbo zibona
Kubera ingorane z’ikiza covid19 hazobaho kuziraba gusa nta Giteramo kizohaba
Musabwe kuza kubashigikira.
Club ihunja ikaba ari imwe muzo bacaguye zija kwigina umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye igihe yari yaramutse aja gusezera abarundi bakorera mu mahanga bari bamaze imisi mu bikorwa vy’akaruhuko hano mu gihugu cacu.