5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
Homeabakinyi bakina hanzeUrukino rwa kivandimwe rw’intamba na Algerie rwimuriwe muri Qatar

Urukino rwa kivandimwe rw’intamba na Algerie rwimuriwe muri Qatar

Inyuma y’ukumenyekana y’uko umugwi nserukira gihugu intamba mu rugamba w’abakinyi bakina mu gihugu c’Uburundi ugiye kwitabira ubutumire wahawe n’umugwi nserukira gihugu wa Algerie w’abakina iwabo ( Locaux) mu ntumbero yo gukina urukino rwa kivandimwe rwari kubera muri Algerie urwo rukino rwimuriwe mu gihugu ca Qatar .

Urwo rukino rwari kuba igenekerezo rya 28 Myandagaro 2021 muri Algerie , ariko rukaba rwaciye rwigizwa imbere umusi umwe ruzoba igenekerezo rya 29 Myandagaro 2021 i Doha mu gihugu ca Qatar .

Ayo makuru akaba yamezwa n’umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi Jérémie Manirakiza, bikavurwa y’uko intamba mu rugamba zizotangura imyimenyerezo ku musi wa mbere igenekerezo rya 23 Myandagaro 2021 ku kibuga Intwari .

 

- Advertisment -

Must Read

Jaja ngo ashaka ko abarwayi bakire indwara zabo biciye mu kwizera

0
Amazina yahawe n'abavyeyi ni Uwimana Jeanine akaba azwi kw'izina rya Jaja Jeanine Umwuga wo wo kuririmba yawutanguye akiri muto mw'ishure ry'abana mu nyuma yaho araheza abifata...