5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
HomeBurundiMonna ngo nta muhungu ashaka muri ino misi 

Monna ngo nta muhungu ashaka muri ino misi 

 

Monna Walda ngo ntari mu gitigiri c’abavuga ko kuba babajwe n’uyu canke n’uriya ngo bica bituma bahagarika gukundana.

 

Uwo muririmvyikazi yavuze ko naho baguma bamuheba ngo nta kibuza ejo adasubira Kandi gukundana. Ariko Kandi akaba avuga ko ata mugambi afise wo gukundana muri ino misi.

 

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyikazi yavuze ko igituma adashaka gukundana muri ino misi, akaba Ari uko uwukundanye atakaza umwanya utari muto, kuko hari ivyo adashira imbere.

 

Uwo muririmvyikazi akaba avuga ko amaze amezi arenga 4 adakundana. Imbere yuko aba mu rukundo n’uyu bahebanye akaba yamaze amezi 6 Atari mu rukundo, ico kikaba arico kirekire ngo yaramaze Atari mu rukundo.

 

Mwomenya ko uwo muririmvyikazi yamaze kumenyesha ko I y’urukundo rwiwe n’uwo bafatanije urwo rugendo ngo atazosubira kubishira ku mugaragaro.

- Advertisment -

Must Read

Jaja ngo ashaka ko abarwayi bakire indwara zabo biciye mu kwizera

0
Amazina yahawe n'abavyeyi ni Uwimana Jeanine akaba azwi kw'izina rya Jaja Jeanine Umwuga wo wo kuririmba yawutanguye akiri muto mw'ishure ry'abana mu nyuma yaho araheza abifata...