5.5 C
New York
Wednesday, October 20, 2021
HomeEntertainmentRally Joe arabeshuza urukurukuru rumuvurwako

Rally Joe arabeshuza urukurukuru rumuvurwako

Hamaze imisi haboneka amasanamu kumbuga ngurukana bumenyi yerekana umuririmvyi Niyinzi Joe Rally azwi kw’izina rya Rally Joe, yatahukanye ku ncuro ya mbere ihiganwa rya Primusic , Isanganiro award na Ten in One ayo yose ni amahiganwa yabaye mu gihugu mu ntumbero yo guteza imbere impano z’umuririmvyi.

Uruganda rwa Indundi Magazine tumaze kubona ayo masanamu twahisemwo kumurondera Rally Joe aduhe umuco.

Indundi magazine: “Bite? Nivyo wahisemwo kwakira agakiza?”

Rally Joe: “hahaha jewe navukiye mu gakiza kuko umuryango wanje wose urakijijwe ninayo mpamvu uzombona nisangije imico. Izo nkuru nanje ndiko ndazibona uko nyene, nari nagiye gusenga nk’uko nama ndabikora nama nja gushima Imana ninayo mpamvu no mu mwuga wanje uzombona ntandukanye n’abandi.
Akarorero sintobora amatwi ,sinywa itabi, nibindi vy’ibintazi.”

Indundi magazine: “Ibivurwa navyo ko ugiye no guhagarika kuririmba vyovyo ubivuzeko iki?”

Rally Joe: “Kuririmba sinobihagarika kuko ni impano yanje kandi nahawe n’Imana n’amajambo jewe ndirimba ni ibintu biba biri mu bantu urukundo canke impanuro”.

Indundi magazine: “Hari ifoto ikwerekana waryamye hasi bariko baragusengera ni ibiki vyari vyaguteye?”

Rally Joe: “ntanakimwe ni jewe nari nashimye kuryama”

Indundi magazine: “Burya turarekuriwe kuryama hasi mu rusengero?”

Rally Joe: “nta nyishu yashimye gutanga araceceka”

Uko biri kose ukuri niwe agufise gumana natwe niyashima kubandanya kutwishura tuzobigushikiriza.

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...