Inkino

# Indundi Sports | Ndayishimiye Youssuf yaraye yinjije igitsindo ciwe ca mbere muri Turkey

Kuri uyu w’Imana waraye uheze igenekerezo rya 22 Myandagaro 2021, mu gihugu ca Turkey ihiganwa ryo mu cicaro ca mbere Superlig ryarabandanije kundwi yaryo ya 2 aho umugwi Istanbul Basaksehir ukinamwo umukinyi w’intamba mu rugamba Ndayishimiye Youssuf Nyange wari wakiriwe na Komyasport.

Urwo rukino rwarangiye Konyasport itsinze Istanbul Basaksehir ibitsindo 2-1 , ico gitsindo kimwe ca Istanbul cinjijwe n’umukinyi wo hagati w’intamba mu rugamba Ndayishimiye Youssuf Nyange ku munota w 46 w’urukino .

Mwomenya y’uko Ndayishimiye Youssuf Nyange yari yatanguye urukino aza gusubirizwa ku munota wa 64 w’urukino.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 62