5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
HomeBurundiDouble jay ngo ntiyicaye

Double jay ngo ntiyicaye

Ubwoba ngo ntibwari kubura, kuko abo barikumwe mw’ihiganwa nta mwana arimwo, bose n’ibihangange gusa. Ivyo uwo muririmvyi akaba aheruka kubishikiriza mu kiganiro yatanze ahejeje kuba muri 7 bazobandanya mw’ihiganwa rya Tagata na Primustar. 

Uwo muririmvyi yavuze ko ashima cane kuba yizewe akarengana, kuko mu biteramo 2 biheruka ngo ntiyakoze nkuko yavyipfuza, kuko umubiri utari uhagaze neza. “ (…)Iyi misi ya mbere ntivyari bimeza nkuko ndabishaka, sinzi nimba ari corona, nimba ari gripe nimba ari ibiki .”

Uwo muririmvyi akaba avuga ko ikindi giteramo kizokurikira ngo hazoca uwambaye, kuko azoza ahagaze neza gusumba uko yaragize imisi akora. “(…)Next time umuntu azoba afise inguvu gusumba ubu .”

Double Jay akaba arikumwe muri ico gice na B Face, Drama T, olegue, Master land, Esther Nish na Andy Mwag. Abo bose bakaba bariko barahiganwa ngo hazovemwo 3 bazohabwa buri wese imiliyoni 15 z’amafaranga ya hano iwacu.

- Advertisment -

Must Read

# Indundi Sports | Umugwi Geita Fc waraye wirikanye Etienne Ndayiragije

0
    Umumenyereza w’umurundi Etienne Ndayiragije ntakibarizwa mu mugwi Geita Fc wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Tanzania . ku musi w’Imana igenekerezo rya 24...