5.5 C
New York
Wednesday, October 20, 2021
HomeEast Africa NewsUmugabo yitwaje inkoho, n’aba polisi babiri bishwe

Umugabo yitwaje inkoho, n’aba polisi babiri bishwe

Muri Tanzania harashwe umugabo yari yitwaje inkoho ari imbere y’ubuserukizi bw’Ubufaransa muri ico gihugu. Uwo mugab yarashwe n’abajejwe umutekano amaze kwica aba polisi 2 n’uwundi mu polisi ajejwe umutekano wo mw’ibarabara yakomerekejwe n’urusasu.

Uwo mugabo ntawuramenya umwidondoro wiwe, nkuko igipolisi co muri ico gihugu kibishikiriza. Bakaba bavuga ko bashima gushira ahabona vyinshi kuri uwu mugabo aruko babanje kumenya umwidondoro wiwe uriko uraronderwa muri kano kanya.

Nkuko amakuru dukesha BBC Gahuza abishikiriza, ubuserukizi bwa Amerika n’ubw’ubufaransa bwasavye abenegihugu kudaca kuri iryo barabara rica imbere y’ubuserukizi bw’ico gihugu c’ubufaransa kubera ibibazo vyahabereye.

Ico gitero kitahitanye umu civil n’umwe kikaba cabaye inyuma y’amasaha makeya habaye inama yahuje umukuru w’igihugu ca Tanzania n’abaserukira inzego z’umutekano.

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...