5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
HomeBurundiArnovic ngo arashobora gutwara mu butungane Nelly Nat

Arnovic ngo arashobora gutwara mu butungane Nelly Nat

 Amategeko ngo arahana abinjira mu buzima bw’abandi, ivyo n’ibishikirizwa na Arnovic mu kiganiro yahauye imboneshakure Indundi Tv. 

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yahishuye ko amaranye n’umukunzi wiwe imyakairenga 10 barikumwe mu rukundo. Bakaba bazinanye kuva bakiri mu buhingiro muri Tanzania, aho bamaranye imyaka 4, noneho bamwe barataha abandi burira indege baja muri Amerika.

Uwo muririmvyi avuga koi co yakurikiye kuri uwo mukobwa ari urukundo, ngo abavuga ko ari VISA barihenda. Akaba yanaboneyeho akaryo ko kubwira umwigeme Nelly ko vyoba vyiza yogabanya ibitero bitandukanye agize igihe amugirako.

Arnovic akaba asaba uwo mwigeme guhagarika amajambo agize igihe amuvugako, kuko ari nka hamwe adahagaritse ngo ntibizoroha, kuko ashobora kuzoca amujana imbere y’ubutungane.

Mwomenya ko Nelly yari yavuze ko Arnovic yarongoye umugore mubi, ugereranije n’ubwiza afise, ariko kandi ngo ico yakurikiye n’ukwigira hanze nkuko bigize imyaka biboneka ku bakobwa, aho barongorwa bashitse muri ayo mahanga bigaca vyanka bakahukana.

- Advertisment -

Must Read

Jaja ngo ashaka ko abarwayi bakire indwara zabo biciye mu kwizera

0
Amazina yahawe n'abavyeyi ni Uwimana Jeanine akaba azwi kw'izina rya Jaja Jeanine Umwuga wo wo kuririmba yawutanguye akiri muto mw'ishure ry'abana mu nyuma yaho araheza abifata...