IKIRUNDI_news

Big Fizzo ngo hari abo azofata mu ntoke mu batarenganye muri Nanje ndaririmba

Abahiganywe muri Nanje Ndaririmba ngo harimwo ingabire zikomeye cane, ivyo n’ibishikirizwa na Big Fizzo ubwiwe mu kiganiro yahaye imwe mu mboneshakure za hano iwacu.

Uwo muririmvyi ari no mu bariko batanga amanota muri iryo higanwa, avuga ko uno musi aho bigeze, abonamwo ingabire ejo bishoboka ko azokorera Compilation y’indirimbo nka CEO wa Bantu Bwoy.

Uwo mwanditsi w’Umudodo muri ico kiganiro na More time Tv avuga ko hari benshi bavuyemwo ataruko batabishoboye ariko ngo aruko barushijwe n’uyu n’uriya gusa.

Iryo higanwa ryabonetsemwo abaririmvyi batandukanye bamwe bamwe bari banabonetse mu migwi itandukanye, kandi iryo higanwa ryavuze ko rishaka abantu bataraja muma Studio. Umuririmvyi Big Fizzo yagize ico abivugako.

Big Fizzo yavuze ko abo baririmvyi ari abashatse gusubira kwironderera inzira ngo abantu babone ibikorwa vyabo kuko babonye ko muri iryo higanwa harimwo ibihangange biriko bitanga amajwi.

Mwomenya ko iryo higanwa rikibandanya, ubu hakaba hasigaye abarurwa ku ntoke ugereranije n’abarenga 150 baciye imbere y’abatanga amanota muri iryo higanwa.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 810