5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
Homeabakinyi bakina hanze# Indundi Sports | Uburongozi bwa Messager Ngozi bwagiriye ikigongwe Amini Abdoul

# Indundi Sports | Uburongozi bwa Messager Ngozi bwagiriye ikigongwe Amini Abdoul

 

Agakuru keza kumukinyi Amini Abdoul , inyuma y’uko yari yafatiwe ibihano n’uburongozi bw’umugwi Messager Ngozi bamwagiriza y’uko yoba afata iyambere mu kugumura abakinyi, uwutwara umugwi Messager Ngozi yahavuye amugirira ikigongwe.

Ivyo akaba yabivugiye mu kiganiro yaraye akoranye n’umuvugizi w’umugwi Messager Ngozi akongera akaba ariwe atwara Radio Umuco FM iri mu gisagara ca Ngozi .

Manirakiza Marc Poshen akaba yabeshuje amakuru yanditswe n’ibinyamakuru bikorera ku buhinga ngurukanabumenyi bivuga y’uko hari abakinyi barungikiwe amakete n’umugwi bagabishwa kandi mu migwi utubazo ntitubura.

Eka yahavuye abeshuza amakuru y’umunyegori Rukundo Onesime amaze imisi atariko aboneka mu kibuga mu kuvuga y’uko uwo munyegori akiri muri Messager Ngozi kandi agifitaniye amasezerano n’uwo mugwi ibisigaye navyo ni vyabindi umwana akosheje umuvyeyi kumuhana sibibi .

Mwomenya y’uko Messager Ngozi mu nkino zibiri imaze gukina yatsinze urukino rumwe itakaza rumwe .

- Advertisment -

Must Read

Jaja ngo ashaka ko abarwayi bakire indwara zabo biciye mu kwizera

0
Amazina yahawe n'abavyeyi ni Uwimana Jeanine akaba azwi kw'izina rya Jaja Jeanine Umwuga wo wo kuririmba yawutanguye akiri muto mw'ishure ry'abana mu nyuma yaho araheza abifata...