5.5 C
New York
Wednesday, October 27, 2021
Homefootball# Indundi Sports| Umugwi w’abigeme PVP Buyenzi wafashe indege werekeza muri Kenya

# Indundi Sports| Umugwi w’abigeme PVP Buyenzi wafashe indege werekeza muri Kenya

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 27 Myandagaro 2021 mu masaha yo mugatondo niho umugwi w’abigeme PVP Buyenzi ari nawo watwaye ihiganwa ry’umupira w’amaguru mu bigeme ryo muri uno mwaka wa 2021, wurira indege werekeza mu gihugu ca Kenya .

Uwo mugwi ukaba ugiye gukina urukino rwo kurondera itike yo kwitabira inkino za Champions league ya Africa izobera mu gihugu ca Egypte.

Urwo rukino rukazobahuza n’umugwi Simba Queens wo mu gisagara ca Dar es Salaam mu gihugu ca Tanzania.

Mwomenya y’uko uwo mugwi PVP Buyenzi ari nawo watwaye igikombe citiriwe umutambukanyi wa Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi Angéline Ndayishimiye.

- Advertisment -

Must Read

Jaja ngo ashaka ko abarwayi bakire indwara zabo biciye mu kwizera

0
Amazina yahawe n'abavyeyi ni Uwimana Jeanine akaba azwi kw'izina rya Jaja Jeanine Umwuga wo wo kuririmba yawutanguye akiri muto mw'ishure ry'abana mu nyuma yaho araheza abifata...