IKIRUNDI_news

Mkombozi : Ku ncuro ya mbere agiye kuboneka ku masanamu

Aheruka kwishikira mu gihugu nk’uko mwagiye murabibona mu biganiro bitandukanye bica kuri indundi Tv ndetse no kuri iki kinyamakuru indundi magazine.

Hari haciye imyaka irenga itandatu atari mu gihugu aho wenyene ubwiwe yiyemereye ko yahigiye vyinshi ndetse aranahakorera ibikorwa vyinshi.

Mkombozi mu mwuga wo kuririmba awumazemwo igihe kitari gito ariko nta ndirimbo yiwe bwite ifise amasanamu yari bwashire ku mugaragaro.

Igenekerezo rya 2 nyakaga 2021 kuri jardin du peuple murundi hazokwerekanwa indirimbo yiwe yise “uyu mwaka”. Azoba ari n’akaryo ko gusubira kumwibonera amaso muyandi kubamuheruka kera mu biteramo.

Meomenya ko iyo ndirimbo amasabamu yayo yakorewe mu gihugu ca Tanzanie.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 62