Inkino

# Indundi Sports | Uburundi buhejeje kunyagira Seychelles ibitsindo 8-1

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 04 Nyakanga 2021 , niho umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba watana mu mitwe n’umugwi nserukira gihugu wa Seychelles mu rukino rwa kivandimwe, urwo rukino rwarangiye Intamba mu rugamba zinyagiye Seychelles Ibitsindo 8-1.

Ibitsindo 2 vya Blaise Bigirimana , 2 vya Styves Nzigamasabo , 1 ca Shaka Bienvenue , 1 ca Landry Ndikumana, 1 ca Ulimwengu $ules  hamwe na 1 bitsinze vyatumye Intamba mu rugamba zandika amateka atari amenyerewe.

Mwomenya y’uko Intamba mu rugamba zizosubira gukina ku musi wa kabiri igenekerezo rya 07 Nyakanga 2021 , n’umugwi nserukira gihugu wa Comores.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 53