5.5 C
New York
Wednesday, January 26, 2022
Homefootball#Indundi Sports| Imigwi ya Messager Ngozi na Bumamuru yahuriye mu ndege imwe...

#Indundi Sports| Imigwi ya Messager Ngozi na Bumamuru yahuriye mu ndege imwe ija kuserukira igihugu

 

Mu bucagucagu bwo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 09 Nyakanga 2021, niho imigwi ya Messager Ngozi na Bumamuru yurira indege imwe ija guserukira igihugu.

Umugwi Messager Ngozi watwaye igikombe ca Primus league wowo werekeje muri Niger gukina na USGN mu rukino rwo gutangura rwa CAF Champions League mugihe umugwi Bumamuru wowo werekeje mu gisagara ca Dar es Salaam kwakira umugwi Diable Noires wo mu gihugu ca Congo Brazzaville mu rukino rwo gutangura rwa CAF Conféderation Cup.

Messager Ngozi ikaba izokina urukino rwa mbere igenekerezo rya 11 Nyakanga 2021 i Niamey muri Niger mugihe urwo gusubiriza uzorukinira i Dar es Salaam igenekerezo rya 17 Nyakanga 2021.

Umugwi Bumamuru Fc wo mu Cibitoke nawo uzobanza kwakirira Diable Noirs mu gisagara ca Dar es Salaam igenekerezo rya 10 Nyakanga 2021, mugihe izo gusubiriza zizobera mu gihugu ca Congo Brazzaville igenekerezo rya 18 Nyakanga 2021.

- Advertisment -

Must Read

Uko za nkino z’ibihangange muri basketball zagenze

0
Ihiganwa Super finale n'ihiganwa ryashizweho n'ishirahamwe ry'umupira w'amaboko basketball (FEBABU) ifadikanije n'ishirahamwe Brarundi babicishije mu kinyobwa Viva. Iryo higanwa rikaba rihuza imirwi imaze gushika mu...