5.5 C
New York
Wednesday, January 26, 2022
Homefootball#Indundi Sports| Umugwi Aigle Noir werekeje i Arusha mu gihugu ca Tanzania

#Indundi Sports| Umugwi Aigle Noir werekeje i Arusha mu gihugu ca Tanzania

Amakuru indundi Sports ihejeje kuronka muri kano kanya n’uko umugwi Aigle Noire The Fighters umaze kwerekeza mu gihugu ca Tanzania mu gisagara ca Harusha.

Amatwi adusumira n’uko uwo mugwi woba witabiriye ubutumwa warungikiwe na Simba Sc mu ntumbero yo gukina urukino rwa kivandimwe naho atacobuza y’uko bakina n’izindi nkino za kivandimwe .

Urwo rukino rushobora gutuma abakinyi ba Aigle Noir The Fighters basubira ku rwego rwabo bivanye n’uko bamaze imisi batariko barakina bivanye n’isanganya baheruka guhura mu misi iheze, bikavurwa y’uko abakinyi bari bajanye n’umugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba bari kumwe n’umumenyereza wabo Joslin Bipfubusa bobo bamaze kwurira indege ibashikana mu gihugu ca Tanzania.

 

- Advertisment -

Must Read

Uko za nkino z’ibihangange muri basketball zagenze

0
Ihiganwa Super finale n'ihiganwa ryashizweho n'ishirahamwe ry'umupira w'amaboko basketball (FEBABU) ifadikanije n'ishirahamwe Brarundi babicishije mu kinyobwa Viva. Iryo higanwa rikaba rihuza imirwi imaze gushika mu...