5.5 C
New York
Sunday, September 26, 2021
HomeBurundiIhadabu rihera ku bihumbi 100 niryo bagiye kuza bararihisha

Ihadabu rihera ku bihumbi 100 niryo bagiye kuza bararihisha

Mu gihe ikiringo bari bahawe carangiye kuwa 31 Myandagaro 2021, ingingo ruhasha zafashwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura Jimmy Hatungimana guhera uno musi ku bantu batari bwabomore amazu kumwe n’ibindi bintu vyose bubatse badakurikije amategeko.

Mu nama yakoranije kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 14 Nyakanga 2021 yari yitabwe n’abasitanteri batwara amakomine ya Mukaza, Ntahangwa na Muha kumwe n’abakiri b’amazone agize igisagara ca Bujumbura, Jimmy Hatungimana amenyesha ko guhera ubu bagiye kurihisha ihadabu rihera ku bihumbi 100 kuduga uwo wese yiciye amatwi hakagera iki gihe atarakurikiza ingingo yashinzwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati, iterambere rusangi n’umutekano Gervais Ndirakobuca.

Iryo hadabu rikazotandukana bivanye n’uburyo bazoba bakoresheje mu kubomorera abo yitwa “abagarariji” kuko azobaha facture y’uburyo bakoresheje bivanye n’ico azoba abomorewe ukuntu kingana.

Mwomenya ko iyo ngingo ifata n’abariko barabomora uwu musi nyene ariko bo bakaza kurihishwa ibihumbi ijana gusa kuko aribo bibomoreye.

Ihadabu y’ibihumbi ijana izocibwa kandi uwo wese azofatwa atariko arakurikiza ingingo zijanye no kwikingira ikiza ca koronavirisi kumwe n’amabutike adashira kubwinjiriro indobo y’amazi n’isabuni abaje gusuma bahita barakaraba.

- Advertisment -

Must Read

# indundi Sports| Ndikumana Justin yongewe amasezerano muri Bandari Fc

0
Justin Ndikumana abandanya yizerwa muri Bandari Fc umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Kenya. Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya...