5.5 C
New York
Sunday, September 26, 2021
Homeabakinyi bakina hanzeIndundi Sports | Niyonkuru Vladmir agiye kumenyereza abanyegori ba Kiyovu Sports

Indundi Sports | Niyonkuru Vladmir agiye kumenyereza abanyegori ba Kiyovu Sports

Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 13 Nyakanga 2021, niho umugwi Kiyovu Sports wo mu cicaro ca mbere mu gihugu c’Urwanda wasinyisha umumenyereza w’abanyegori umurundi Niyonkuru Vladmir .

Vladmir akaba yashize umukono ku masezerano yo kumenyereza abanyegori b’uwo mugwi mu kiringo kitarenga umwaka .

Muri ayo masezerano umugwi Kiyovu Sports washoboye kwubahiriza umwanya yari afise mu mugwi nserukira gihugu Intamba mu rugamba , bakaba basinye amasezerano avuga y’uko mugihe igihugu ciwe kizoba kimukeneye y’uko aja kumenyereza abanyegori baco , umugwi Kiyovu Sports uzomurekura akagenda hama ahejeje agasubira akagaruka .

Mwomenya y’uko uwo mugwi Kiyovu Sports uzomenyerezwa n’umurundi Haringingo Francis Mbaya ninawe yashoboye gusaba Niyonkuru Vladmir y’uko bokorana.

- Advertisment -

Must Read

# indundi Sports| Ndikumana Justin yongewe amasezerano muri Bandari Fc

0
Justin Ndikumana abandanya yizerwa muri Bandari Fc umugwi wo mu cicaro ca mbere mu gihugu ca Kenya. Kuri uyu wa gatanu waraye uheze igenekerezo rya...