5.5 C
New York
Wednesday, October 20, 2021
HomeBurundiAkanyamuneza ni kose kwa Dudu kubera Impamyabushobozi y'umukunzi wiwe

Akanyamuneza ni kose kwa Dudu kubera Impamyabushobozi y’umukunzi wiwe

Dudu Niyukuri umuririmvyi w’umurundi abarizwa mu gihugu ca Kenya yerekanye akanyamuneza afitiye umutambukanyi wiwe kubera iteka yateye umuryango mukuguronswa urupapuro rw’umutsindo.

Kw’ishusho uwo mutambukanyi wa Dudu akaba yabonetse ari hampande y’idarapo rya Leta zunze ubumwe za amerika, ibishoboka ko yayironkeye muri urwo runani rw’ibihugu.

Uwo muririmvyi ntiyatamvye yirorera ariko n’abandi bantu batandukanye bamufashe mu mugongo mu gukeza uwo mufasha wiwe. Umwe mu bo twabashije kubona ni nka Fabrice Nzeyimana yatwengeje abantu ko iyo mpamabushobozi igize iya kabiri, kuko iya mbere yari iyo gushira hasi (Maitriser) uwo mushingantahe wiwe.

Mwomenya ko uwo muririmvyi amaze igihe kitari gito abana n’uwo mwiza wacu, bakaba banamaze guhezagirwa n’umukiza mu kubaronsa uruvyaro rutari ruto. Nayo uwo muririmvyi akaba amakuru ya nyuma dufise aruko asanzwe yisumamwo mu gihugu ca Kenya.

- Advertisment -

Must Read

Combat Spirituel pour son développement personnel ( Psaumes 03-22...

0
Pour chasser  les angoisses et ‘inquiétudes. Pour éviter les revers de fortune Contre un retournement négatif d'une situation qui vous était jusqu'à présent très favorable. Pour faire...