Abigeme benshi bama bipfuza abagabo babakwa ariko kuri Francine ivyo we ngo aracabibona nk’indoto.
Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 25 Nyakanga 2021, isaha zine zo mu gitondo niho umunonotsi w’umurundikazi Niyonsaba Francine yari yakoranije abanditsi n’abamenyeshamakuru mu ntumbero yo kubabwira ingene vyabaye mu gihe yariko aserukira igihugu mu makungu.
Abakijwe n’umwe mu banditsi bari bitavye ico kiganiro igihe yoba ategekanya kwubaka urwiwe , Francine Niyonsaba yagize ati’’
“Sindavyiyumvira ryari nzobikora ntibiri mu mutwe muri uno mwanya ubu ndi mu mahiganwa cane cane niyo akimfatiriye”.
Mwomenya y’uko Francine Niyonsaba asanzwe afise imyaka 28 y’amavuko akaba ari imvukira yo mu ntara ya Ruyigi.
Abigeme benshi bama bipfuza abagabo babakwa ariko kuri Francine ivyo ngo aracabibona nk’indoto.